lundi 23 juillet 2012

IYF




Turasubiriye kandi kwibutsa urwaruka rwose ko iyandika kuri bamwe bazoja muri ya camp mondial ko bibandanya, ku batariyandikisha mwibuke ko ibibanza biharuye,kuwuzosiba canke agacererwa azoba ahomvye ikintu kidasanzwe,
IKIBANZA CO KWIYANDIKISHIRIZAKO ni kuri PALAIS DES ARTS hamwe no kuri SIEGE mu NGAGARA Q10 inyuma ya Bureau ya DOCUMENTATION, ku bari mu buraruko (NORD)iyandikishe mu kayanza canke uterefone kuri 79790837.

Nkuko twari twabibamenyesheje hakiri kare ko hariho ihiganwa ririko riraba ritunganijwe na IYF BURUNDI aridyo IYF CULTURE rikaba dyahuje imigwi itandukanye itandamba intambo z'IKIRUNDI, SALSA, hamwe n'ABARIRIMVYI, eka n'abakinyi b'ivyese(THÉÂTRE) kugira twitegurire neza ico gihe kitoroshe, caraye giheze hakaba haracaguwe bamwe muri baba Stars mukunda cane nka Nzeyimana Mkomboz, Miss Erica hamwe n'abandi, Tukazoba turikumwe rero muri ico gihe kidasanzwe.
WUMVA USHAKA KUBANA NABO MURI ICO GIHE?
WOBA UTARARONKA AKADYO KO KUBONANA NABO?
Nyarukira kuri palais des arts wiyandikishe muzikurikiranire abo bakunzi banyu amaso muyandi kuko ico gihe bazobica bicike,nayo icibagiwe ni intambo n'imvyino za Iyf Burundi zizoba ari akaroruhore.

Nimuze muri benshi kugira dusangirane ivyiza vya IYF.

Pour plus d'info contact +257 79 790837 & 75483550 & 78/75976940 & 79/78/76 901723

Aucun commentaire: